abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Vallery Nahayo ngo nta mukinyi mukuru gusumba umurwi

Uwahoze ari kizigenza w’Intamba mu rugamba Vallery Nahayo akaba ari no muri Staff shasha y’Intamba mu rugamba asa nk’uwarungikiye ubutumwa abakinyi batahamagawe mu murwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba .

Vallery Nahayo  ajejwe imikenyuro y’abakeba ku masanamu muri Staff y’intamba mu rugamba yanditse ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook yiwe ngo nta mukinyi mukuru gusumba umurwi.

Ivyo vyose bikaba vyerekana ko Staff y’Intamba mu rugamba itashimishijwe n’ibura ryabo bakinyi mu nkino zibiri zahuje Uburundi na Indonésie na rirya bwari ubwa mbere iyo Staff nshasha ihura n’abakinyi .

Abakinyi batahamagawe mu rutonde rw’abakinyi 29 basivye inkino zibiri za Indonésie ni Saidi Ntibazonkiza , Nsabiyumva Frédéric , Cedric Amissi hamwe na Mohammed Amissi .

Mwomenya ko Intamba mu rugamba zizotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Namibie mu kwezi kwa Ruheshi igenekerezo rya 20 umwaka wa 2023 i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzania .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851