abakinyi bakina hanzeAthletismehomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Lydia Nsekera asaba ko Francine Niyonsaba yogabanya urugero rw’inkabuzo ngabo kugira yitabire JO 2024

Ntakindi Francine Niyonsaba yokwihutira gukora kugira yemererwe kuzoserukira Uburundi mu nkino za Jeux Olympique zizobera mu Bufaransa mu mwaka wa 2024 , atari kugabanya urugero rw’inkabuzo ngabo ( Testostérone).

 

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Rusama 2023 mu nyubako za Martha Hotel aho uwurongoye Ishirahamwe CNO mu Burundi Lydia Nsekera ari kumwe n’Umunyamabanga wiwe Bigirimana Salvator bari baramutse bakora ikiganiro co guhanahana amakuru y’ibijanye n’imyiteguro ya Jeux Olympique 2024 .

Muri iyo nama hari hatumiwemwo Abamenyeshamakuru , Umuyobozi w’inkino mu bushikiranganji bw’inkino , Urwaruka n’Imicokana hamwe n’abasanzwe barongoye Ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi ( FAB), ariko abo ntibigeze bitabira iyo nama kuko intebe bari babateguriwe zagaragara .

 

Lydia Nsekera akaba yarabeshuje amakuru yanditswe ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye mu kuvuga ko CNO ariyo yatanze urutonde rw’abanonotsi bazoserukira Uburundi muri ayo mahiganwa , wewe avuga ko bakoreye ku rutonde rw’abanonotsi bahawe n’Ishirahamwe Ishirahamwe mpuzamakungu Word Athletics .

 

Ku kibazo ca Francine Niyonsaba , Nsekera yaraye asavye ko uwo mukinyi w’Umurundikazi yogabanya urugero rw’inkabuzo gabo afise mu mubiri ( Testostérone) kuko CNO ata na kimwe ifise yomufasha kuri iyo ngingo yafashwe na CIO ( Comité International Olympique).

Nsekera avuga ko kw’ishaka abonamwo uwo munonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba afashe imiti nta nkeka ko batomusanga mu bibanza vyiza muri ayo mahiganwa .

Kuvyo CNO yari yagirijwe na Dieudonnée Muvuduka arongoye Ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi ( FAB) , mu kuvuga ko iryo shirahamwe ryoba ridategerezwa gushiraho abanonotsi bahabwa Bourse Olympique batabanze kubabaza , Bigirimana Salvator  Umunyamabanga mukuru wa CNO akaba yaciye yishura  ko uwo arongoye iryo shirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi yabeshe , kuko abo baha agafashanyo babatoye mu nama na Muvuduka  ahari n’icegeranyo yaragishizeko umukono, mbere Nsekera akaba yaciye avuga ko ata nama n’imwe izosubira gukorwa ngo itumirwemwo uwo arongoye FAB wenyene azohora aherekezwa n’abandi bantu bakorana .

 

 

Mukibuka ko Francine Niyonsaba ariwe munonotsi w’umurundikazi yama yateye iteka igihugu mu gutahukana imidari itari mike .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 841