footballhomepageintamba murugamba

# Indundi Sports| Ibintu vyahindutse ikibuga Intwari kizokwakira abantu 16.600

Uwujejwe kwubaka ikibuga Intwari yari yabwiye abarundi ko ikibuga Intwari kizohora cakira abantu ibihumbi 18.000 , vyahindutse ico kibuga kizoba cakira abantu ibihumbi 16.600.

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Ingénieur Méthode Ndikumagenge kuri uwu wa gatatu  igenekerezo rya 31 Rusama 2023 .

Methode avuga ko bivanye n’uko bakoranye n’abantu bo muri FIFA , bakababwira vyinshi bohindura , igitigiri c’intebe bari bategekanije gushira ku kibuga Intwari cahindutse , cahora kuri 18.000 kija kuri 16.600.

Ingénieur Méthode Ndikumagenge akaba abandanya ahimiriza abene gihugu kubandanya baterera ikibuga cabo na rirya hagisigaye ibikorwa bitari bike bisaba uburyo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 809