Iciyumviro canke icipfuzo ca Pacifique Nzitonda cari gifitiwe inyishu na DJ Paulin, kuko yagitangiye inyishu ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye.
Paci Nzitonda Kuri uwu wa gatatu, yanditse ku rubuga rwa Facebook, ko yibaza ko inyuma ya Drama T uwundi azoca aresha ari D One canke Emery Sun.
Uwo Mugabo asanzwe yisumamwo mu Bubirigi yishuwe amajambo amwe amwe atari meza, aho bamuciye intege ngo ugufasha ngaha iwacu ntibikibaho, kuko ngo hafashwa bamwe bamwe.
Hampande y’abamusavye kuvyikorera, abandi bakamubwira ko bizova mu minwe yiwe. DJ Jackson yamubwiye ko bitoroshe kuko ngaha iwacu bafasha uwo bashatse, akaba yanavuze ko bigeze gusaba ubufasha muri PSI, ariko barabima, budakeye Kabiri, ngo baca babona Project itari kure cane y’ivyo bari babwiye bariko bayikorana n’abaririmvyi.
Dj Jackson yagize ati :” Ko umengo muri ibi umuntu afasha uwo ashaka? Hariho obligation yo gufasha uwu canke uriya naho yoba ashoboye? Ndibuka Phrase nabwiwe njanye Project muri PSI Burundi.” Ariko yishura uwamubajije iryo jambo yabwiwe yandika ngo :” Ko badatanga Sponsor Kuri Projects Musicaux. Hadaciye Kabiri, ata na 1 mois irahera baciye balanca une Campagne Kandi bayikoranye n’abaririmvyi. Kandi ntiyari kure cane ya Project twajanye.”
Abandi bo bakaba bavuze ko ngo hano iwacu hakiri amacakubiri ku buryo bafasha umuntu, aho bavuze ko bamwe baraba ama Quarter bavamwo, canke amazuru.
Naho biri uko ico ciyumviro c’uko uwuzoca akurikira Drama T mu kuja gukora ibiteramo I Burayi, yoba D One canke Emery sun, carumviswe, kuko hari ico DJ Paulin yakivuzeko ashika ku kibuga c’indege.
Uwo Mugabo asanzwe ari umugwizatunga mu bisata vy’ububare n’ibiteramo, yavugiye ku kibuga c’indege ko Ku rutonde rw’abaririmvyi afise ashaka kuzokoresha ibiteramo harimwo abaririmvyi D One na Alvin Smith, hamwe n’abandi kuko abo bazokorana bamusavye kujana abaririmvyi I Burayi, bo ari benshi.
Muri ico kiganiro nyene yavuze ko abategura ibiteramo Kuri uwo mugabane ngo badatinya gutwara abaririmvyi mu mahanga nkuko bamwe bavyibaza kuko we yamaze kuronka abatari bake bamusaba kuzobajanira abaririmvyi.
Igikorwa Kiriko gikorwa na DJ Paulin kikaba gishobora kuba arico cari kibuze ngo abaririmvyi b’abarundi batangure gukorera ibiteramo I Burayi. Kuko nkuko Drama T aheruka kubishikiriza, DJ Paulin yarahagarariye Drama T gusa, ariko abateguye igiteramo ni abandi, kuko nibo bamurishe.
Mu bisabwa ngo uhabwe urwo ruhusha rwo gukora ibiteramo, hakaba harimwo ibisabwa vyinshi cane, birimwo uburambe mu gutegura ibiteramo, canke kuba ufise umuntu aciye akenge, adapfa kwemera ivyo abwiwe vyose, ahubwo abanza gutohoza akamenya ko vy’ukuri abariko barashaka ko bakora, basanzwe bakora ivyo bavuga. Ivyo vyo bikaba bisa n’ibihuriye muri DJ Paulin, wumvirije ibiganiro yakoze avuga ku babuze ayo ma VISA.
DJ Paulin akaba afise akazi katoroshe, kuko ahanzwe amaso atari make, kubera abaririmvyi nka bose bari barabuze ama VISA, baca barabisha ivyipfuzo vyabo iwe.


















