Mow Kanzie batanguye kumusaba ngo abategura ibiteramo mu Mahanga barabe nawe bazomushire muri List, bakaba banashikiriza uwo bipfuza ko bagenda bajanye.
Umumenyeshamakuru w’umurundi abarizwa i Burayi, Elsie Gretta yasavye akoresheje urubuga rwa Twitter ko umuririmvyikazi mow Kanzie nawe yoherekeza mugenziwe Drama T mu biteramo bindi azokorera ku Mugabane wa Burayo.
Uwo mumenyeshamakuru akaba abishikirije mu gihe abantu batari bake basa n’abari basavye ko uwo muririmvyikazi nawe yoboneka haruhande ya Drama T mu biteramo. Ibi bakaba babisavye kubera ya ndirimbo ya Drama T yabonetsemwo.
Yanditse agira ati :” La prochaine fois, Mow Kanzie turipfuza ko ajana na Drama T muri concert I Burayi. Numvise banasaba DJ Paulin.”
Uwo mumenyeshamakuru ntiyorohewe kuko abantu bamwe batarabanye ryiza, kuko bamubajije nimba DJ Paulin yashikirije ubwo busabe, yoba ariwe atanga Ama Visa.
Abandi nabo bakaba basavye uwo mumenyeshamakuru guhagarika gushaka guhumbisha uwo mwana Muto. Abandi nabo bamubaza aho yavyumvise. Bishoboka ko bamubaza iyo yumvise abantu babisaba.
Mu kiganiro uwo muririmvyi wacu yatanze agarutse I Bujumbura avuye mu biteramo I Burayi, akaba yabajijwe igituma atagiye ajanye na Mow Kanzie mu biteramo, nawe yishura atwenza ngo yasanze ata Passport afise.
Uwo muririmvyikazi akaba ari mu gitigiri c’abaririmvyi baheruka kubura VISA, kuko yarikumwe na Alvin Smith mu biteramo bari bateguriwe mu bubirigi. Uyu kandi akaba ataravugwa mu gitigiri c’abaririmvyi basabwe DJ Paulin n’abanyaburayi, bitandukanye na Alvin Smith na D One baheruka kuvugwa mu rutonde rw’abaririmvyi bariko barategurirwa ibiteramo I Burayi.
Y’aba DJ Paulin co kumwe na Mow Kanzie bose bari bakozweko Tag muri iyo Twitte ya Elsie Gretta, bakaba ata numwe yagize ico avuga Kuri ubwo busabe bwashikirijwe.


















