abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Ndayishimiye Mike Tresor yahamagawe mu murwi nserukira gihugu w’Ububirigi

Inyuma yo gutorwa nk’umukinyi mwiza afise amamuko yo muri Africa mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere c’Ububirigi , akongera kandi agatorwa nk’umukinyi mwiza yaranze ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihigu c’Ububirigi ( Jupiler Pro) , Mike Tresor Ndayishimiye yaciye atumwako ubwa mbere mu murwi nserukira gihugu w’Ububirigi w’abakuze ( Senior) .

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 07 Ruheshi 2023 , Ndayishimiye Mike Tresor yashoboye gutumwako mu murwi nserukira gihugu w’Ububirigi aho uwo murwi ugiye gukina inkino zo kurondera itike ryo kuja mu gikombe ca Buraya co mu mwaka wa 2024 .

Uwo mukinyi asanzwe ari umwana w’umukinyi wa kera w’Intamba mu rugamba Fredy Ndayishimiye uyu mwaka yakinye inkino 39, atsinda ibitsindo 8, atanga amapasi 24 yavuyemwo ibitsindo 24.

Mwomenyako Tresor Ndayishimiye yari yavuze ko iyo adahamagarwa mu murwi nserukira gihugu w’Ububirigi yoca ahitamwo gukinira igihugu c’Uburundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,904