homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Urukino rwa Rayon na Apr Fc rugiye gutuma Assuman na Jules batandukana

Nta bucuti bugiye kuhaba mpaka urukino ruhere hagati y’abagenzi babiri b’abarundi aribo Jules Ulimwengu umukinyi w’intamba mu rugamba akongera agakinira Rayon Sports hamwe na Assuman Macalister umu ambassadeur w’abarorerezi b’intamba mu rugamba asanzwe akorera ivy’uburorerezi mu mugwi Apr Fc wo mu gihugu c’Urwanda .

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza umwaka wa 2019 , haraca uwambaye hagati y’imigwi ibiri y’abakeba ariyo APR Fc hamwe na Rayon Sports mu rukino rw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League. Assuman asanzwe ari umukunzi w’umugwi w’intamba mu rugamba ndetse na Apr Fc yamaze kuvuga y’uko naho yoba ari umugenzi wa Ulimwengu Jules ntazoreka kuba umwansi wiwe canke areke kumuzomera mugihe azoba ari mu kibuga kugira bimunanire Rayon Sports itsindwe kuko akazi ngo ari akazi hama ubugenzi ngo buzosubira inyuma y’urukino .

Assuman akavuga ati : “Jules Ulimwengu ni umugenzi wanje y’umurundi sinzoreka kuba umwansi wiwe canke ndeke kumuzomera mugihe azoba ari mu kibuga arimwo arakina kugira bimunanire Rayon Sports itsindwe akazi ni akazi hama ubugenzi ni inyuma y’urukino”.

Mukamenya y’uko Ape Fc isumvya amanota 6 umugwi Rayon Sports iramutse itsinda urwo rukino izoba ibarusha amanota 9.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871