abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Youssouf Ndayishimiye yaraye atahukanye agashimwe k’umukinyi mwiza akina hanze

Ndayishimiye Youssouf Nyange yaraye atwaye agashimwe k’umukinyi mwiza akina mu mahanga ( Diaspora)

Hari kuri uwu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 28 Ruheshi 2023 kuri Berakhan Garden mu kabondo aho hatangwa ubushimwe ku barushije abandi mw’ihiganwa rya Primus League 2022-2023.

Muri ubwo bushimwe bwatanzwe harimwo agashimwe k’umukinyi mwiza akina mu mahanga . Ako nako uwagatahukanye si uwundi ni Ndayishimiye Youssouf Nyange asanzwe akina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa .

Ndayishimiye Youssouf Nyange akaba yarushije Saidi Ntibazonkiza bariko bahiganwa amanota atarenga 3 gusa , uwundi yariko ahiganirwa ako gashimwe ni Bigirimana Abedi asanzwe akina mu murwi wa Kiyovu Sports wo mu gihugu c’Urwanda .

Youssouf Ndayishimiye mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2022-2023 yarafashije umurwi yahora akinamwo wa Instabul Basaksehir wo muri Turquie kuvyitwaramwo neza , cane cane muri Europa Conference League aho wasanga ariwe afise ibitsindo vyinshi mu murwi Istanbul Basaksehir kurusha abandi ibishobora kuba vyatumye acagugwa n’umurwi OGC Nice wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa .

 

Mukibuka ko ako gashimwe yahawe kari ku giciro c’amafaranga y’amarundi angaha n’umuriyoni ( 1.000.000 Fb ).

Mwomenyako Youssouf Ndayishimiye ako ari agashimwe kagira 3 k’umukinyi mwiza yavyitwayemwo neza kurusha abandi akina mu mahanga atwaye , akaba agatwaye imyaka 3 yikurikiranije

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851