Entertainmenthomepage

Ivya Drama T na Mow Kanzie bisubiye ku meza

Hari agakino kariko karakinwa hagati ya Drama T na Mow Kanzie kuva aho babonekeye mu ndirimbo, imwe, hakanavugwa ko bari mu rukundo. Ubu naho abafana batanguye kubanyeguruza ayo bari barabitse, none bayashize ahabona.

Mu misi iheze, duheruka kubashikiriza amakuru ku bucuti bwa Mow Kanzie na Drama T , aho hasubiye Kandi gusabwa ugukorana kw’abo baririmvyi uko ari 2, ico gihe akaba ari Drama T yariko yishura ivyo bibazo.

Mu ruhererekane rw’ibibazo vyabajijwe Mow Kanzie nawe, hari uwamubajije ivy’ubucuti bwa be na Drama T aho bigeze, nawe amusubiza inyishu itanyuze mugenziwe Drama T.
Mu kumwishura, Mow Kanzie yavuze ko adaherutse Drama T nawe nyene ngo amukumbuye, igituma ngo atakimubona ngo kwoba ari kubera ngo asigaye arenze Mow Kanzie.
Yagize Ati :” Drama T ndamukumbuye, yapoteye asigaye andenze.”
Iryo jambo, Drama T nawe akaba ataretse kurivugako, kuko nawe yaciye amwishura muri Storie ya Instagram nyene, amubaza igituma ariko arashaka kumuteranya n’abantu.
Nawe yagize ati :” Why Ushaka kunteranya n’abantu 😂.”
Ivyo bibazo Mow kanzie akaba yatanze akaryo ko kubibazwa, mu gihe yarari ku murongo atondeye igitoro. Kuko inyuma yaho yaciye ahagarika kwishura ibibazo.
Ubutumwa busa n’ubwanyuma yatanze, yavuze ko ryari irya mbere amara amasaha atondeye igitoro, kuva hatangura ikibazo c’ibura ry’igitoro mu gihugu. Ngo abiravye yasanze ugutunga imodoka mu Burundi bitari ivy’umuntu w’amagara make.

Yagize ati :” Ryari irya mbere ntondeye igitondo amasaha, kuva mu mwaka uheze hatangura ivy’ibura ry’igitoro. Ibaze rero ko hari abakora ivyo imisi yose, gutunga imodoka mu Burundi, s’ivyaba magoyagi ndabarahiye.”
Ku batabimenye, Mow Kanzie akaba afise Indirimbo nshasha iriko irakorwa muri Studio, ikaba iriko ikorwa na Joel, wa musore agize imisi akora indirimbo za Drama T zigize imisi zikwiza ama Miliyoni y’ama Views.
Bamwe barimwo Nelly Nat bamaze kuyumva, bakaba bavuga ko iyo ndirimbo itazoba yoroshe. Uwo munyarusaku akaba yasavye abafana ko boba bararondera ama Ecouteurs kuko ibintu bitazoba vyoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763