Umukinyi w’Intamba mu rugamba Ismail Nshimirimana batazira Pitchou umwanya n’umwanya ashobora gusinya mu murwi w’igisirikare c’Urwanda .
Amakuru Indundi Sports yaronse n’uko uwo mukinyi amaze kwumvikana n’uburongozi bw’umurwi wa APR FC aho agiye kuwukinira mu kiringo c’imyaka 2 .
Ismail muri kino gihe yari asanzwe yidegemvya inyuma yo kurangiza amasezerano yiwe n’umurwi wa Kiyovu Sports .
Bikaba bitegekanije ko Nshimirimana Ismail afata indege muri ino ndwi kurangizanya n’umugwi wa APR FC hamwe no gukorerwa ibipimo .
Mwomenyako Umugwi wa APR FC wari usanzwe udakinisha abanyamahanga ariko muri uno mwaka uwo mugwi ndetse n’iyindi yarahawe uburenganzira bwo gukinisha abakinyi b’abanyamahanga .



















