EntertainmentAkes DonhomepagekirundimusicPassportpromotedTabac

Kidum yavuze umuce akomeyemwo mu muziki

Vuba cane ngo niho Kidum yamenya aho afise inkomezi mu muziki, aho akaba ariho ngo yaciye afatira kugira ngo bikunde abandanye yiyegereza abakunzi b’ibikorwa vyiwe.

Inguvu Kidum afise mu muziki ngo yazibonye haraheze imisi mikeya kandi amaze imyaka myinshi mu muziki, ivyo nivyashikirijwe na Kidum ubwiwe aho yaganira na Akeza WebTV.

Inguvu z’uwo mugabo afatwa nk’imwe mu nararibonye z’abaririmvyi ndundi, ngo ziri muri Live akora igihe c’igiteramo, ivyo navyo kuva aho abiboneye, uwo muririmvyi akaba yaciye atangura gukora ibindi bintu bishasha.

Ico gishasha avuga, n’ifatwa ry’amasanamu y’ibiteramo aba ariko arakora. Muri ico kiganiro akavuga ko abaheza bakabibona ngo bituma bagira umutima w’ugushaka kubona Kidum imbonankubone.

Kidum akaba kandi yabwiye ico kinyamakuru ko kuva atangura umuziki, umwaka wa 2018 ariwo yakozemwo neza gusumba ibindi bihe vyose.

Kidum akaba adaheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe bwite, uretse utw’abandi aheza akabashigikira, aho ni nka Telenovela canke Abatovyi yakoranye na Don Brighter.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769