Burundihomepagekirundi

Ivyakozwe na H.E Evariste Ndayishimiye ngo H.E Paul Kagame ntiyobikora

Impari zabaye zose Kuri Twitter kuva hamenyekana ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yahaye ikiganiro umu YouTuber w’umurundi azwi nka Juste Gael, akoresha urubuga rwa YouTube rwitwa Umukubito.

Kuri urwo rubuga rusigaye ruhurumbirwa cane, abanyarwanda n’abo bibajije umu YouTuber President Paul Kagame yokwemerera guha ikiganiro.

Abavuzwe ko boshobora kwakira umukuru w’igihugu, bakaba Ari Murungi Sabin, Yago hamwe n’uwitwa Mama Rwa Gasabo, nayo abandi bo bakaba bavuze ko bitazobaho ko umukuru w’igihugu abasha guha ikiganiro umu YouTuber.

Kuri urwo rubuga vyabandanije kuba ikibazo guhuriza Kuri umwe, naho bavuze ko Yago ariwe abariza n’abandi naho nawe yibariza, Sabin nawe akaba ngo yomubaza isomo ry’ubuzima gusa, abandi bavuga ko ikiganiro ca Mama Rwa Gasabo na H.E Paul Kagame kitokworoha.

Muri ico kiyago nyene hanavuzwe ko ivyakozwe na H.E Evariste Ndayishimiye ngo ata wundi muntu yobikora muri Afrika, ngo kuko uwacu ahagaze neza gusumba abandi.

Nkuko uwo yabishikirije Kuri urwo rubuga rwa Twitter, bikaba Ari imbonekarimwe aho umukuru w’igihugu hano muri Africa y’ubuseruko aha ikiganiro umu YouTuber, kuko ahatari hake bafatwa nkaho Atari akazi, ahubwo bariko barifyinira gusa.

Ico gikorwa gishitsweko na Juste Gael, kikaba cashimwe n’abatari bake muba Influencer, ngo agishitseko yaragikoreye, kuko ako kazi katamworo.

Ico kiganiro mu masaha 18, kikaba cari kimaze kurabwa n’abarenga 48,000, hakanugwanigwa ko gishobora gufata umwanya wa mbere mu biganiro vyarabwe cane Kuri YouTube y’umukubito bivanye n’uko cavuzwe muri ino misi mikeya.

Ikiganiro kimaze kurabwa cane Kuri urwo rubuga kikaba Ari ikiganiro yakoranye na Ildefonse le Comedien kimaze Umwaka urenga, kikaba kigeze ku bagikurikirana barenga 111,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,853