homepage

#Gatumba: Amakenga ni menshi kubavyeyi barereye k’umashure yahuye n’imyuzurira

Bamwe mu bavyeyi barereye ku mashure ya Mushasha I n’iya II barafise impungenge ko mu gihe umwaka w’ ishure wimirije gutangura, wotangura ata gikorwa co gukinga imyuzurira yama yibonekeza igihe c’ imvura, ubuzima bw’ abana babo bushobora guhungabana .

 

Abo bavyeyi bakidoga kubona atacakozwe muri iki gihe c’ici kugira iryo shure n’bindi bice bihegereye bikingirwe.

Aho ni mugihe hari bamwe mu abavyeyi bariko barasabira abana amashure ahandi hadakunze gushikirwa n’ iyo myuzurira,yamara bose batabaza reta kugira ico ikoze.

Abajejwe intwaro bobo bavuga ko bafise icizere kw’isango bahawe na reta ryo kwubakira inkombe z’ uruzi #Rusizi arirwo iyo myuzurira ivako rigiye kuja mu ngiro mu misi yavuba

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673