Umugwi Buja Queens wari waserukiye igihugu c’Uburundi mu nkino zo ku mugabane wa Africa mu karere ka Cecafa Africa y’ubuseruko warangije iryo higanwa uri mu kibanza ca 3.
Hari kuri uwu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 30 Myandagaro 2023 , aho umugwi Buja Queens wakina urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa rya Cecafa ry’abigeme ryari rimaze imisi ririko ribera mu Buganda ,Buja Queens yaraye itsinze Vihiga Queens yo muri Kenya igitsindo 1-0.
Uwo mugwi mu nkino 6 wakinye , watsinze inkino 4 utakaza inkino 2 .
Mwomenya ko ari ubwa mbere umugwi Buja Queens utahukanye igikombe c’abigeme ca hano wacu , ugaca userukira igihugu neza mu kurangiza iryo higanwa rya Cecafa Womens uri mu kibanza ca gatatu .



















