homepage

#Burundi: Basaba ko ivyo gupfunga abarwayi vyohagarara

Abashingamateka babajije ibibazo umushikiranganji w’amagara y’abantu kuri uyu wa kabiri bavuze ko bitumvikana ingene abantu boba bagipfungirwa mu bitaro kubera bananiwe n’ukubiriha mu gihe ca none isi igana umugambi wuko ata muntu kw’isi yoba adashikirwa n’ubuvuzi bubereye.

 

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka Sabina Ntakarutimana yaribukije ko ivyo vyari bikomeye mu myaka ya 2004 aho nk’abakenyezi bibaruka babura amafaranga yo kuriha ibitaro bigaca bibugarana bakazoja kuhava abana bakuze.

Abo batowe n’abanyagihugu ntibanibagiye abantu banka kwakirwa mu bitaro vya reta n’aho baba bagize amasanganya akomeye bakarinda gusabwa amafaranga y’ingwati bita “caution” mu gifaransa kandi mu bitaro vy’abigenga hari aho bakirwa bakarihishwa amafaranga bavuwe bagakira.

Ivyo umushikiranganji Sylviya Nzeyimana ajejwe amagara y’abantu ntabihakana ariko yatanze umwizero ko hagiye kuba amatohoza y’aho abantu boba bagifungirwa mu bitaro kandi vyarahagaritswe.

Kubarwayi batinya gufungirwa mu bitaro nk’uko binegurwa n’abashingamateka muri kino gihe, icegeranyo inama nshingamateka iheruka gushikirizwa na sentare ijejwe kugenzura amatungo ya reta cerekana ko abarwayi 522 batorotse ibitaro vy’intara za #Muramvya, #Muyinga na #Cibitoke kuva mu mwaka w’2018 gushika mu 2022, ubu ubushikiranganji bugitohozako.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673