homepagekirundi_Sports

Uburundi bugiye kwitabira inkino z’igikombe c’isi muri Criket

Igihugu c’Uburundi caraye citabiriye inkino z’igikombe c’isi za Criket zigiye kubera mu gihugu c’Ubuhindi .

Hari kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Nyakanga 2023 , niho umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abakiri bato wafata urugendo werekeza mu gihugu c’Ubuhindi ( Inde) gukina inkino zanyuma zo ku rwerwo rw’iwi za Cricket ( Word Cup Street Child Cricket India 2023)

Igihugu c’Uburundi cashoboye guserukira n’abana bahoze mw’ibarabara bo mu kigo ca New Generation Burundi rirongowe na Nahimana Dieudonnée.

Iryo higanwa ryatanguye ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 gushika kurya 30 Nyakanga 2023 .

Ni ihiganwa rizokwitabira n’imigwi 19 ivuye mu bihugu 13 , ikaba ari imigwi y’abahungu hamwe n’abakbwa .

Mwomenyako Ibihugu bizokwitabira iryo higanwa ari , Bangladesh , Burundi , Angleterre , Hongrie , Maurice , Mexique , Népal, Rwanda , Africa y’epfo , Ouganda , Sri Lanka hamwe na Zimbabwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,862