homepagekirundipromotedTabac

Umuhuza w’abarundi yakiriye umunyamabanga mukuru w’urwego rw’aba Islamu kw’isi

Umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana yakiriye kuri uwu wa kabiri umunyamabanga mukuru w’urwego rw’idini rya Islam kw’isi yose rujejwe gushira mu ngiro imigambi iba yaremejwe, bompi bakaba bavuganye ibijanye n’ingene imigambi urwo rwego rwiyemeje kurangurira mu Burundi yoshirwa mu ngiro.

Izo ntumwa za “Ligue Islamique Mondiale chargée de l’exécution des projets” zigendeye Uburundi inyuma y’amezi ane yari aheze abagize urwo rwego bari barishikiye mu Burundi aho bemeye imwe mu migambi bagiye kurangurira mu Burundi. Umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana yabasavye kuyishira mu ngiro vuba iyo migambi biyemeje.

Yagize ati : “Twarabasavye ko boheza bakaraba ico bofasha mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi, harimwo kuronsa amazi abenegihugu, kwubakira amazu abateshejwe izabo mu Gatumba, ukwubaka ikigo kinini kizoba kirimwo umusigiti w’aba Islam ariko kandi kizoba kirimwo n’ibitaro n’amashure, ugufasha kwubaka Kaminuza yo mu Kayanza hamwe n’ugushigikira inkino mu buryo butandukanye. Ubu rero urugendo bajemwo ahanini ni ukugira baze gushira mu ngiro ivyo bari bemeye, bagiye gutangura gushira mu ngiro imigambi imwe imwe bemeye, tukaba rero dukenguruka.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755