DiasporahomepagekirundiPrimusic2019

Ivyaganiriwe mu mubonano wabaye hagati y’abarundi baba muri Djibouti

Kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 26 Ndamukiza umwaka w’2019, abarundi baba mugihugu ca Djibouti bari baramutse bahurira hamwe mu ntumbero y’uguhanahana ivyiyumviro ku cegeranyo c’ibikorwa vyaranguwe na diaspora hamwe n’imigambi itegekanywa kurangurwa.

Mu vyo baganiriyeko harimwo ukurabira hamwe itegurwa ryo kwitabira ya nama yahariwe abarundi baba mu makungu ( semaine de la diaspora burundaise édition 2019 ), izobera mu Burundi hagati y’amagenekerezo ya 22 na 26 Mukakaro uwu mwaka turimwo.

Bongeye kandi barabira hamwe icegeranyo c’imigambi mikuru mikuru yateguwe kuzorangurwa muri rusangi, barabira hamwe ubuzima n’itunganywa rya diaspora yo muri Djibouti, amatora yemeza inzengo zari zihasanzwe, ibibazo vyerekeye abanywanyi bamwe bamwe, hamwe n’utuntu n’utundi.

Iyo nama yamaze amasaha atanu n’igice yarangijwe n’ugusangira akavunamusase mu mutekano n’umunezero ntangere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759