Umuririmvyi w’umurundi Pablo Tiken muri kino gihe yongereje inguvu mu gukora indirimbo nyishi kuruta uko yahora. Kuva uyu mwaka utanguye amaze gusohora indirimbo zibiri zose.
Kuva umwaka wa 2024 utanguye,umuririmvyi w’umurundi Pablo Tiken amaze gusohora indirimbo zibiri. Imwe ni “Inzahabu” na “Rurihe”. Iyi ikaba ari nayo ikimota ubushasha.
Amwe mu majambo ari muriyo agira ati :
“Uyu muco wo kutubaka rugume wazananye he ?”
Je ndirimbo ivuga ibijanye n’ugusambuka kw’ingo mugihe ca none.
Pablo Tiken yatanguye kuririmba kera ariko yasa n’uwabivuyemwo munyuma arasubira arivyukiranya mumwaka,kuko mumwaka wa 2022 ariho yaciye atangura gusohora indirimbo yikurikiranya hatarenze amezi atatu.
Mu kiganiro Indundi Hits Show co kuri uyu wa 30 Ndamukiza (4) 2024,uyo muririmvyi akoresha cane ururimi kavukire mundirimbo ziwe yavuze ko gushika ubu nubwo adakora ibiteramo, intumbero yiwe ubwambere ari iyo kwigarurira abakunzi b’umuziki w’Uburundi.
“Nashaka kubanza ngire [répertoire] nini…jewe umuziki wanje ni uwutanga ubutumwa nka ba Tiken Jah Fakoly, Bob Marley n’abandi,nayo ivyo gukora ibiteramo bizoze munyuma”
Yavuze ko agitangura kuririmba hari abibaza ko atandirimbo z’urukundo yoririmvye ariko ko ubu vyose yavyijukiye nkuko yabikoze muri izi zindirimbo zibiri aheruka gusohora.
Nayo ku baririmvyi bagenziwe yabavuniye akagohe ko
boririmba indirimbo zubaka kugira birinde indirimbo zihonyanga imico n’imigenzo yikirundi . Pablo Tiken yavuze ahubwo ko akwiye guhabwa agashimwe nk’umuririmvyi aririmba indirimbo zubaka.
Inkuru Yanditswe na Égide Nahayo.


















