homepageJustice

Burundi: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere aciriwe uwo guherayo

Sentare Ntahinyuzwa mu gisata cayo c’iyungururizo yaciriye kuri uyu wa kana umunyororo wo guherayo jenerari Alain Guillaune Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere.

Inyuma y’ikiringo kingana hafi ukwezi urubanza rw’uwo mutegetse hamwe n’abo basangiye icaha ruburanishijwe kumahenekerezo ya 27 na 28 Rusama uyu mwaka, kuri uyu wa 4 sentare  ntahinyuzwa mu gisata c’ivyaha yatangaje urwaciriwe uwo yahoze ari umutegetsi hamwe n’abo bafunganwe mw’ibohero rikuru ry’i Gitega.

Alain Guillaume Bunyoni yaciriwe igihano c’umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose n’ihadabu ringana n’amafaranga imiliyaridi 22 zirenga amatungo afise atakurikije amategeko afatwe.

Abo basangiye urubanza nabo ari bo Samuel_Destin Bapfumukeko, Colonel Désiré Uwamahoro na Cômes Niyonsaba bahanishijwe ivyo bari baciriwe m’urubanza rwa mbere vyari vyatumye bunguruza harimwo umunyororo w’imyaka 15.

Sentare Ntahinyuzwa yagiriza Alain Guillaume Bunyoni ivyaha harimwo kugerageza gutembagaza inzego z’igihugu,guhungabanya umutekano n’ ukugira itunga ritisunze amategeko.

Abo basangiy urubanza n’abo aribo Désiré Uwamahoro na Samuel-Destin Bapfumukeko bagirizwa ivyaha vyo gukwiragiza amabanga y’akazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,674