homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana yashimiwe n’umugwi wiwe

Umunyegori w’Intamba mu rugamba aguma agira ibihe vyiza mu gihugu ca Kenya kuva aho ashikiye mu mugwi Sofapaka Fc.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Rusama umwaka wa 2019 , umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana yashimiwe n’umugwi Sofapaka Fc uri mu cicaro cambere mw’ihiganwa ryo muri Kenya .

Akaba yahawe agashirukabute my kumushimira kukungene aguma avyifatamwo neza muri uyo mugwi ndetse no gutorwa nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ntwarante. Akaba yahawe agashirukabute kangana n’ibihumbi ijana vy’ama shiringi ya Kenya hafi imiriyoni zitatu z’amarundi.

Akaba atashimiwe wenyene muri uyo mugwi aho hongeye hagashimirwa n’umumenyereza w’uyo mugwi yabaye umumenyereza w’ukwezi kwa Ruhuhuma hamwe n’umusatirizi mwiza w’ukwezi kwa Ruhuhuma .

Mukamenya y’uko kuva aho Justin Ndikumana ashikiye mu mugwi Sofapaka Fc uyo mugwi umaze gutsindwa urukino rumwe gusa mu nkino 21 umaze gukina.

Sofa paka ukaba uri mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo muri Kenya mugihe umugwi uri mu kibanza cambere ari umugwi Goramhia ukinamwo umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Moustapha Francis Njali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871