DiasporaBongo moviesdiaspora youthhomepagekirundiPrimusic2019Testosteroneyouth

Diaspora| Chebby Warren arabandanya gushigikira urwaruka

Umurundi aba mu gihugu c’Ubwongereza Ndayishimiye Chebby Warren abandanya yerekana uburyo akunda igihugu ciwe c’amavukiro mu gufasha urwaruka rw’imihingo itandukanye mu gihugu.

Inyuma yo gutanga ibikoresho vy’inkino bigizwe n’ibirato vyo gukina, amashesheti hamwe n’imyambaro ku rwaruka rukina umupira w’amaguru mu ntara ya Gitega “Academie Gitega”, ku musi wa kabiri igenekerezo rya 07 Rusama umwaka wa 2019 , Ndayishimiye Chebby Warren yaragendeye kandi ishure nshingiro ryo mu Nyakabiga “Ecole Fondamentale du Jardin Public de Nyakabiga” akaba yagiye yitwaje imfashanyo igizwe n’ibikoresho vyo kwandika ( Crayon , Couleur , Bic) eka ntiyibagiye no gutanga ibirato vyo kwambara ku banyeshure baza kwishure ata birato bambaye.

Ndayishimiye Chebby Warren akaba yemereye iryo shure y’uko agiye kurifata mu mugongo mu misi iri mbere nko guhora abazanira ibikoresho bitandukanye nk’inyabwonko (Ordinateur) n’ibindi.

Mukamenya y’uko Chebby intumbero yiwe ari ugufasha abana bakiri bato kugira nabo nyene bashobore kuzovamwo abantu bakomeye muri kazoza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760