homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Umuryango w’umuhisi Papy Faty wagarukiweko nabo muri Melanti Chiefs

Umuryango w’umuhisi Papy Faty wagendewe nabo muri Melanti Chiefs yahora akinamwo ndetse n’uwusanzwe ari mu ndongozi zirongoye ihiganwa ryo mu gihugu ca Swaziland .

Izo ndongozi zikaba zashitse mu gihugu kuva kwigenekerezo rya 09 Rusama umwaka wa 2019 zizananye n’ikiziga canyakwigendera Papy Faty .

Amakuru Indundi Sports yaronse n’uko nazo nyene zaje gushingurana iteka nyakwigendera Papy Faty hama zice zikora ikiyago n’umuryango wa Papy Faty ku kukuntu bazoriha amahera y’amezi nyakwigendera Papy yari asigajemwo gukina muri Melanti Chiefs .

Papy Faty akaba yashinguranwe iteka ku musi wa gatanu uheze igenekerezo rya 10 Rusama umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871