homepagekirundikirundi_Sports

Intamba Day : Vichou Love azoteramisha abakunzi b’intamba mu rugamba

Umuririmvyi rurangiranwa Nzigamasabo Vianney benshi bazi kw’izina rya Vichou Love yitezwe gukora ibintu bikomeye ku musi wahariwe Intamba.

Mugihe harindiranywe igishika urukino rukomeye rwa kivandimwe ruzohuza umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ugiye kwitabira inkino za CAN 2019 hamwe n’umugwi Aigle Noire watwaye ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa 2018-2019 ari nawo uzokina inkino za CAF champions league , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryamaze kwumvikana na Nzigamasabo Vianney benshi bazi nka Vichou love y’uko yoza guteramisha abantu bazoba baje kurorera urwo rukino ruzoba kuwa 31 Rusama umwaka wa 2019 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Eka si Vichou wenyene azoteramisha abantu kuri uyo musi haboneka kandi umugwi Club Amagaba nawo nyene ukazoba wahishikiye mu guteramisha isinzi ry’abantu bazoba bishikiye kuri urwo rukino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871