homepagekirundikirundi_Sports

Umukinyi wese w’intamba yatekerewe imiriyoni 5 imbere yo kwerekeza i Doha

Umukinyi umwumwe w’intamba mu rugamba yatekerewe imiriyoni 5 zo gusiga iwabo imbere yo kuja mw’ihiganwa rya CAN2019.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama umwaka wa 2019 niho buri mukinyi w’intamba mu rugamba yashirirwa amafaranga angana n’imiriyoni 5 kuri konte yiwe kugira azogende mu mahiganwa ya CAN 2019 agize ico asigiye umuryango wiwe.

Kuva aho Uburundi bwikukira n’ubwa mbere abakinyi b’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba imbere yo kuja gukina hanze bakagenda batekewe amafaranga angana n’imiriyoni 5 yogusiga mungo zabo canke mu miryango yabo.

Ivyo vyose bakaba babikesha nyakwubahwa Honorable Réveriyano Ndikuriyo asanzwe arongoye ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB kukigoro akora kugira abakinyi bagume bameze neza mbere banarabe y’uko bokwitwara neza mu mahiganwa ya CAN 2019 yimirije kuba muri uku kwezi kwa Ruheshi mu gihugu ca Egypte

Intamba mu rugamba zikaba zafashe ndege kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 02 Ruheshi isaha 14h30 zerekeza i Doha mu gihugu ca Qatar aho zizovayo zihakinye urukino rwa kivandimwe n’igihugu ca Algeria igenekerezo rya 11 Ruheshi hama igenekerezo rya 12 zizoca zifata urugendo rubashikana i Tunis naho nyene zihakine urukino rwa kivandimwe n’umugwi wa Tunisie igenekerezo rya 16 Ruheshi hama zice zibona kwerekeza mu gihugu ca Egypte mu mahiganwa ya CAN2019.

Intamba mu rugamba zikaba ziri mu mugwi B n’igihugu ca Madagascar, Nigeria, hamwe Na Guinea.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871