homepagekirundikirundi_Sportspromoted

Peace Park Complex, ikibuga c’akataraboneka mu Burundi

Kuvaho Uburundi bwikukira ntihari bwaboneke ikibuga kinini co gukiniramwo umupira w’amaguru mu Burundi nkica Peace Park Complex kiri mu ntara ya Makamba.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 01 Ruheshi umwaka wa 2019, niho abamenyeshamakuru b’inkino bagera kuri 50 bari batumiwe n’uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB nyakwubahwa Honorable Réverien Ndikuriyo kugira baze kuraba ingene ibikorwa vyo kwubaka ikibuga ca kijambere ca Peace Park Complex c’i Makamba biriko biragenda.

Si ivyimbeshere nta kibuga kizoba gikomeye mu Burundi bwose nk’ico kibuga ca Peace Park Complex kiri mu ntara ya Makamba bivanye n’ingene cubatswe mu kijambere ndetse n’abantu kizokwakira.

Ku makuru twaronse ku bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru bari bahawe ubutumire mukuja kuraba ico kibuga babwiye Indundi Sports y’uko ico kibuga gishobora kwakira abantu bangana n’ibihumbi 26000, kikazoba kirimwo amashure ashika kuri 80 ya Sécondaire afise uburaro bita Internat , kikaba kandi kizoba gifise Vestiaire zirenga kuri zitanu , kikaba gifise ahantu abakinyi bazohora bakorerayo Gym hagera kuri habiri , gifise ahantu abanonotsi bazoba birukirayo, hamwe n’ikibuga ca Basketball na Volleyball

Bikavugwa y’uko  mu Kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka wa 2019 ico kibuga kizoba camaze gutangura kwakira inkino zimwe zimwe z’umugwi Aigle Noir The Fighters uzoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF Champions League y’ibihugu vyabaye ivyambere iwabo, ariko kikazorangira neza na neza mu mwaka wa 2020.

Ivyo vyose bikaba ari imigambi ya Fondation Pax Burundi yashizweho na Nyakwubahwa Honorable Réveriyano Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera agatwara n’inama nkenguzamateka mu Burundi.

Bikaba vyaciye vyerekena y’uko intara ya Makamba igeze ku ntambwe ishimishije mu nyubako no mwitarambere muri rusangi.

Ibi nivyo bibuga bikomeye biri mu Burundi n’abantu bishobora kwakira.

1) Ikibuga ca Peace Park Complexe c’Imakamba : Cakira abantu 26000

2) Ikibuga citiriwe umuganwa rudoviko rwagasore : cakira abantu 10.000

3) ikibuga c’igitega: cakira abantu ibihumbi 10.000

4) Ikibuga c’imuyinga: Cakira abantu 8500

5) Ikibuga co mu rumonge : cakira abantu 7000

6) Ikibuga c’ibuganda: Cakira abantu 5000

7) Ikibuga c’Urukundo kiri i Ngozi: cakira abantu 4900

8) Ikibuga co mu Ruyigi : cakira abantu 4500

Indundi Sports mu misi iri mbere ikaba igiye gufata urugendo kugira ibafatire amasanamu y’ico kibuga ca Peace Park Complete giteye igomwe kiri mu Ntara ya Makamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871