homepagekirundikirundi_Sports

Reta y’Uburundi yaraye ibarihiye igice c’ayo bishuzwa

Reta y’Uburundi yaraye irishe igice c’ivyakoreshejwe n’abakinyi b’inkino zo gukubitana ingumu « Boxe » bamaze imisi bapfungiwe mu gihugu ca Gabon.

Kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 4 Ruheshi niho Reta y’Uburundi yikubita agashi maze iriha amafaranga angana n’igice c’ayo abakinyi ba boxe hamwe n’umumenyereza wabo bishuzwa ku buraro hamwe n’ivyankenerwa bakoresheje mu gihugu ca Gabon aho bari bamaze imisi bapfungiwe ic’amaso muri imwe mu nzu y’ingenzi yo muri ico gihugu.

Ishirahamwe ry’urukino rwo guhana ingumu « boxe » rikaba ngo rigiye kuganira n’ishirahamwe rya boxe muri ico gihugu ca Gabon barabe ukuntu boriha ico kindi gice gisigaye c’ivyo bakoresheje maze babone kurekurwa batahuke mu gihugu cabibarutse.

Nk’uko vyaheruka gushikirizwa n’umushikiranganji w’urwaruka n’inkino, abo bakinyi ba boxe ngo bakaba bari bagiye muri ayo mahiganwa hari ico batahurijeko neza n’ubwo bushikiranganji, ivyahavuye bivamwo ingorane bamaze gushika muri ico gihugu kuko ata buryo bwo kuriha ivyankenerwa bari bafise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871