homepagekirundikirundi_Sports

Ikirangamisi c’ingendo Aigle Noir igiye gufata

Umugwi Aigle Noir The Fighters ugiye gufata ingendo mu bihugu bibiri dusangiye kano karere ka CECAFA.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 04 Ruheshi umwaka wa 2019, umugwi Aigle Noir washize ahabona ikirangamisi c’ingendo zibiri uyo mugwi ugiye gufata muri ino misi.

Kuva kwigenekerezo rya 12 Ruheshi umwaka wa 2019 gushika kw’igenekerezo rya 01 Mukakaro umwaka wa 2019, uyo mugwi uzokorera imyimenyerezo ku kibuga citwa Kaitaba kiri i Bukoba mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Kuva igenekerezo rya 2 Mukakaro umwaka wa 2019 gushika igenekerezo rya 11 Mukakaro umwaka wa 2019 uyo mugwi uzokina inkino z’ikivandimwe i Kampala mu gihugu c’Ubuganda :

-Urukino rwa mbere ruzoba igenekerezo rya 05/07/2016

– Urukino rwa kabiri ruzoba kw’igenekerezo rya 07/07/2019

– Urukino rwa gatatu ruzoba igenekerezo rya 10/07/2019

Igenekerezo rya 14 Mukakaro umwaka wa 2019 uyo mugwi uzofatira indege i Bukoba werekeza i Dar es salaam, hama igenekerezo rya 14 Mukakaro gushika igenekerezo rya 28 Mukakaro uyo mugwi uzoba uriko ukina inkino za kivandimwe zikurikira :

– Urukino rwa mbere ruzoba Igenekerezo rya 17/07/2019

– Urukino rwa kabiri ruzoba igenekerezo rya 20 /07/2018

– Urukino rwa gatatu ruzoba igenekerezo rya 24/07/2019

– Urukino rwa kane ruzoba igenekerezo rya 27/07/2019

Mu nyuma yaho igenekerezo rya 28 Mukakaro umwaka wa 2019, uyo mugwi uzoca ugaruka i Makamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871