homepagekirundikirundi_Sports

Imigwi ya Primus League ntiyemerewe kugura bamwe mu bakinyi ba Aigle Noir

Imigwi ya Primus League yagabishijwe n’uburongozi bw’umugwi Aigle Noir ku bakinyi b’uyo mugwi bariko baragurwa uburongozi butabizi.

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 05 Ruheshi umwaka wa 2019, uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB hamwe n’umugwi Aigle Noir the Fighter akongera agatwara inama nkenguzamateka nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo niho yandika amajambo abwira imigwi ya Primus league y’uko itobaza canke ngo irondere abakinyi nka Youssuf  Nyange, Mabano Shabani, Cédric tity Mavugo hamwe na Moustapha Seleman, kuko bafise urwerwo runini mu gukina umupira kandi bemerewe gukinira imigwi iri hanze y’igihugu.

Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo akaba yarangije avuga y’uko abo bakinyi batari ku rutonde rw’abakinyi ba Aigle Noir The Fighters kumvo z’uko uburongozi bw’uyo mugwi ruri mu biganiro kugira abo bakinyi baje gukina hanze.

Mukamenya y’uko umukinyi nka Mabano shabani amaze kugurwa n’umugwi wa Les lierres ndetse na Moustapha Seleman amaze gushirwa ku rutonde rw’abakinyi Les lierres imaze kugura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871