homepagekirundikirundi_Sports

Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo yashitse i Doha kuraba aho imyiteguro y’intamba igeze

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi umwaka w’2019, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Nyakubahwa Reveriyano  Ndikuriyo yashitse i Doha mu gihugu ca Qatar aho yishikiye kuraba uko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba bariko barakora imyimenyerezo yo kwitegurira  inkino z’igikombe ca Afirika kizotangura mu mpera z’uku kwezi mu muri Egiputa mu Misiri.

Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo akaba  yashitse aho i Doha mu giheaho bukera  ku musi wa kabiri, uwo murwi w’intamba mu rugamba uzoba ufise urukino rwa kivandimwe ruzowuhuza n’umurwi nserukiragihugu wa Algerie mu ntumbero yo kwitegurira iryo higanwa.

Urukino rwa mbere rw’Uburundi rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 22 ruheshi 2019 aho buzohura n’igihugu ca Nigéria mu gisaragara ca Alexandrie, urukino rwa kabiri Uburundi buzohura n’igihugu ca Madagascar kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2019 igihe c’isaha umunani n’inusu ku masaha ya hano iwacu, rukazobera mu gisagara ca Alexandrie mu gihe urukino rugira gatatu Uburundi buzohura n’igihugu ca Guinée kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2019 igihe c’isaha icumi mu gisagara ca Caire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871