homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Abakinyi 5 bakuwe ku rutonde rw’intamba mu rugamba

Mugihe hasigaye amasaha ashika kuri 20 kugira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba utane mu mitwe na Algerie mu rukino rwa kivandimwe rugiye kubera i Doha muri Qatar abakinyi batanu bamaze gusohorwa ku rutonde rw’abakinyi bazokina igikombe ca CAN 2019 kigiye kubera muri Egypte muri uku kwezi kwa Ruheshi bamenyekanye.

Amakuru dukesha abegereye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mbere akanemezwa na bamwe mu bakinyi, avuga ko abakinyi nka Rashid Leon, Youssuf Nyange, Valentin, Bembo leta Joél hamwe na Onesime boba bakuwe ku rutonde rw’abandi.

Mbere haciye n’isaha umukinyi Delanys Valentin yanditse ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe Facebook avuga y’uko atashizwe ku rutonde rw’abakinyi 23 bazokina CAN muri Egypte ariko akaba yaronse akaryo keza ko gukurayo ubumenyi budasanzwe kuva aho atanguriye kwimenyereza mu muhwi w’intamba mu rugamba ngo ni ibintu atazopfa yibagiye.

Akaba yarangije asezera abagenzi biwe b’intamba mu rugamba anabipfuriza kugira inguvu zidasanzwe mu gikombe ca CAN.

Bikavugwa y’uko abo bakinyi basezerewe bazokwurira indege ibashikana i Bujumbura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka wa 2019 igihe c’isaha umunani z’ijoro 2h.

Aba nibo bakinyi 23 bazokwerekeza muri CAN Egypte 2019 :

Abanyegori :

1. Jonathan Nahimana

2. Justin Ndikumana

3. Arthyr Mac Arakaza

Abakinyi b’inyuma :

4. Frédéric Nsabiyumva

5. Moussa Omar

6. David Nshimirimana

7. Ngando Omar

8. Christophe Nduwarugira

9. Karim Nizigiyimana

Abakinyi bo hagati :

10. Pierrot Kwizera

11. Gaël Bigirimana

12. Gaël Duhayindavyi

13. Moustapha Francis

14. Enock Nsabumukama

15. Shassir Nahimana

Abasatirizi :

16. Fiston Abdoul-Razak

17. Saido Berahino

18. Mohamed Amissi

19. Cedric Amisi

20. Shabani Hussein

21. Elvis Kamsoba

22. Laudit Mavugo

23. Selemani Ndikumana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871