BurundiEntertainmentkirundimusicpromoted

Big Fizzo ngo agiye kuririmbira abagenzi biwe bafise umunwa muremure

Naho afise abagenzi benshi, Big Fizzo yemeza ko hari abatari bake amaze gukura muri ico gitigiri, n’abasigaye bafise umunwa muremure ngo arabazi ku mutwe.

Big Fizzo aheruka kuvuga ko hari indirimbo iri mu rukurikirane rwiwe rushasha avuga ko agiye gusohorera abagenzi biwe asanzwe azi ko bamuvuga nabi.

Uwo mwanditsi wa “Sibeza” avuga ko ako karirimbo katarimwo amajambo yo gutukana, ahubwo ngo yashatse gushikiriza ikiri ku mutima, kuko vyari vyaribitse.

Ako karirimbo yise “Fuc* You” avuga ko iyo adacaguramwo bimwe bimwe ngo yari kuba indirimbo nk’iy’aba Congoman, kuko yarafise vyinshi vyo kuvuga muriyo.

Naho atavuga ryari izoshirwa ahabona, muri ico kiganiro yahaye Black TV yavuze ko gashobora gushirwa ahabona umwanya n’umwanya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587