homepagekirundikirundi_Sports

Friendly game : Intamba mu rugamba zaraye zinganije na Algerie

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba waraye unganije n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria igitsindo 1 kuri 1.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka 2019 isaha zibiri z’ijoro mu masaha ya hano iwacu niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wakina urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria i Doha muri Qatar, urwo rukino rukaba rwarangiye imigwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Umugwi wa Algeria niwo watanguye kuronka igitsindo cinjijwe na Bouunedjah ku munota wa 69 mugihe ic’intamba mu rugamba cinjiye ku munota wa 75 ku mupira Cédric Amissi yateye uca kuwitwa M’Bolhi igitsindo kiba cinjiye imigwi yompi ica irangiza urukino inganije igitsindo 1-1.

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba zaraye zifashe urugendo zerekeza mu gihugu ca Tunisia aho bafise urundi rukino rwa kivandimwe n’umugwi wa Tunisia ku musi w’Imana igenekerezo rya 16 Ruheshi umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871