homepagekirundikirundi_Sports

Mahrez na Ibrahim boba bagiye kuronderera Arthur umugwi i Buraya?

Umukinyi Arakaza Mac Arthur yabonetse yifotozanye n’umukinyi w’umugwi nserukira gihugu wa Algeria ariwe Riad Mahrez akina muri Mnchester City hamwe na Yassin Ibrahimy akina mu mugwi Porto Fc .

Iyo foto ikaba iriko itera amakenga abantu benshi aho bavuga y’uko uyo munyegori umwanya n’umwanya ashobora kurondererwa umugwi mu bihugu vya Buraya n’abo bakinyi.

Indundi Sports yumvise amakuru avuga y’uko uyo munyegori abo bakinyi boba bagiye kumuronderera umugwi mu Burayi twaciye turondera Arakaza Mac Arthur kugira aduhe umuco kubimuvugwako akaba yishuye y’uko ivyo vy’uko ashaka kurondererwa umugwi i Buraya n’ivyo bihangange vy’abakinyi bakina atarivyo ngo ico ni ikinyoma iyo nifoto gusa bitozanye mugihe umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba watana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871