BDUSAAlbinoshomepagekirundisociete

BDUSA : Aba nibo bemerewe kwitoza

Umurwi ujejwe gutunganya amatora y’indongozi sahwanya z’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe BDUSA (Burundian Diaspora in USA), washize ahabona abantu batandatu wacaguye mu biyandikishije bipfuza kuzokwitoza kurongora iryo shirahamwe.

Nk’uko bibonekera mw’itangazo uwo mugwi ujejwe gutunganya amatora washize ahabona, abantu batandatu nibo bashoboye gucagurwa mu barundi batari bake bari biyandikishije.

Inyuma y’aho ikiringo co gutanga imyidondoro y’abashaka kwitoza kirangiriye kuwa 13 Ruheshi 2019, uwo mugwi umaze gutohoza neza abiyandikishije, uravye ibisabwa vyose kugira umuntu yitoze, umaze kwiga umwidondoro(CV) w’umw’umwe mubashaka kwitoza, ngo wasanze abantu batandatu gusa aribo bakwije ibisabwa vyose kugira bashobore kwitoza mu ndongozi sahwanya z’abarundi baba muri USA.

Abo bakwije ivyangomba vyo kwitoza akaba ari aba bakurikira :

_Elvis Kazungu aba muri Reta ya Ohio,
_Samuel Ndayiragije aba muri Reta ya Arizona,
_ Alphonsine Ndayikengurukiye aba muri Reta ya Minnesota,
_Emeryne Gahimbare wo muri Reta ya Ohio,
_Nkunzumwami Simeon wo muri  Alabama hamwe na

_Ismael Nduwimana aba muri Reta ya Pennsylvania.

Umwe wese akaba yitoje mukibanza yipfuza.
Abo bantu bararekuriwe kwiyamamaza babwire abarundi icobari n’ico bazobamarira, umwe wese mukibanza ashaka.

Tukibutsa umurundi wese aba muri USA kuja kuri www.burundiusa.com yiyandikishe kugira aze aronke uburenganzira bwo kwitorera indongozi ashaka. Ikiringo co kwiyandikisha kizorangira kuwa 26/6/2019. Amatora azotangura kuwa 27/6/2019 arangire kuwa 29/6/2019. Ivyavuye mumatora bizotanganzwa icese kuwa 30/6/2019 muri Phoenix Arizona.

Uwo mugwi uributsa kandi uwiyandikishije gutora wese kubika ahadata Username na Password vyiwe kuko arivyo azokoresha hageze umusi wogutora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758