homepagekirundikirundi_Sports

Amagara ya Kwizera Pierrot ngo yifashe neza ubu

Ugukomereka kwa kwizera Pierrot kwari kwababaje benshi muri kino gihe uyo mukinyi amagara yiwe ngo ameze neza.

Inyuma yo gukomerekera mu rukino rwahuje Intamba mu rugamba hamwe na Algeria akamara imisi itatu adakora imyimenyerezo n’abandi ku makuru twakuye ku munyamabanga mukuru wa FFB Jeremie Manirakiza aravuga y’uko uyo mukinyi amagara yiwe ameze neza kandi nawe yiteze kuzokina urukino ruzobahuza na Nigeria ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ruheshi umwaka wa 2019.

Ku makuru indundi Sports yari yakuye muri Tunisia mu misi iheze mu bari baherekeje umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba yari avuga y’uko uyo mukinyi yoba yaronse akagorane gashobora gutuma amara ukwezi kurenga adahonyoza ikirenge mu kibuga.

Mukibuka y’uko twari twavuze y’uko mu gihe uyo mukinyi yobandanya arwara ashobora gusubirizwa na Youssuf Nyange nawe akiri kumwe n’abandi kugira ngo hagize uwugira akagorane aheze amusubirire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871