homepagekirundikirundi_Sports

#BreakingNews |Ndikumana Seleman yakuwe ku rutonde rw’abakinyi 23 b’Intamba bazokina CAN2019

Ndikumana Seleman ntakiri ku rutonde rw ‘abakinyi 23 b’intamba mu rugamba bagiye kwitabira inkino za CAN2019 buca zibera muri Egypte.

Ku makuru Indundi Sports ihejeje kuronka ubunyene ikuye i Alexandrie muri Egiputa aravuga y’uko uyo mukinyi yoba yakuwe ku rutonde rw’abakinyi 23 bagiye gukina CAN 2019 kumvo z’ukubura indero ndetse no kutubaha umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba arikumwe na Staff yiwe ivyatumye umumenyereza mukuru atemerana n’iyo ngendo mbi igayitse y’uyo mukinyi.

Inyuma y’iyo nkuru Indundi Sports yasubiye kandi irondera umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ariwe Jérémie Manirakiza imubaza y’uko ayo makuru ariko avugwa kuri uyo mukinyi nawe yahavuye yemeza y’uko uyo mukinyi atakiri ku rutonde rw’abakinyi 23 bagiye gukina CAN2019 kumvo z’ukubura indero.

Abakinyi 22 b’intamba mu rugamba nibo basigaye ku rutonde rumaze gutangwa muri CAF akaba aribo bagiye kwitabira izo nkino za CAN2019.

Mukamenya y’uko Youssuf Nyange ariwe yari akwiye gusubirira uyo mukinyi ariko ntivyahavuye bikunda kumvo z’uko urutonde rw’abakinyi bazokwita izo nkino za CAN2019 rwari rwamaze gutangwa muri CAF.

Twobibutsa ko inkino za CAN 2019 zigiye gutangura kuri uyu wa gatandu uza igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871