BDUSAAlbinosBurundiDiasporahomepagekirundi

# BdUSA diaspora| Ugasanga utariyindisha nyaragasa! Hasigaye imisi ine gusa!

 

Umushingantahe Samuel NDAYIRAGIJE aza hejuru y’inzego ziriko zikora ibishoboka kugira hajeho ishirahamwe rihuje Abarundi bose baba muri Leta zunzubumwe za Amerika amanyesha ko , ku bijanye n’amatora yimirije kuba ngo abantu bariko bariyandikisha ku bwinshi ku buryo abona bushimishije afatiye ku buryo bariko bavyitabira.

Aha twokwibutsa ko ukwiyandikisha rero bigiye kurangira mu misi ine gusa,  kw’igenekerezo rya 26 RUHESHI.  Amatora rero nyezina azoca atangura bukeye bwaho igenekerezo rya 27 aheze arangire kw’igenekerezo rya  29 z’uku kwezi nyene.

Kw’igenekereza rya 30 Ruheshi , Abarundi bose baba muri Leta zunzubumwe za Amerika bazoba bakoraniye  muri  Leta ya ARIZONA, aho bazoba bifatanije bose mu ntumbero y’uguhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’Igihugu cacu c’Uburundi. Kazoheza rero gace kaba ako karyo nyene bazoca baboneraho ukuganira ibijanye n’iryo shirahamwe Bdi-Usa bongera banatangaza abazoba baraye bagomwe kuriramutswa.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770