Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Tahura uko worwanya inzitizi” Bwoba” ukoresheje ijambo ry’Imana.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga babitohoje neza basanga ko ku vy’ukuri ikinyambiri “Bwoba” ngo cari caduhawe kugirango gishobore kudufasha kumara kabiri kuko giheza kikamenyesha ko habaye nabi maze natwe tugaca tumenya inyifato duheza tukagira. Ivyo rero na canecane ngo caradufasha cane mu guhera ku mizi yacu muri ba sokuru kubera babana n’ibikoko aho vyasaba ko bama barikanuye kugira hagize n’agakacira baheze batungwe n’ayo bameze.

Noneho rero, uko umuntu yagiye arasirimuka gushika uwu musi, ngo ico kinyamubiri nivyo aracagikenera kugira kimwereke umwonga uhuma n’uwudahuma. Nk’uko rero abahinga babimenyesha, iyo ngo ugize ikintu ubona kiguteye ubwoba, ngo iyo nkuru ica inyaragasa ikaja mu gace kitwa ” Amygdale” maze imaze kuhashika , iyo amygdale ngo niyo iheza igaca irungika ico bita ” adrénaline” hagaca hafatwa ingingo yihuta.: Ukwirwanira, canke ugashira amaguru ku rutugu!

Muri ako kanya nyene , abahinga bamenyesha ko , ako gahande ” Amygdale” gaca kanyaragasa kakarungika ico kintu kibaye mu kandi gahande ko mu bwonko kitwa ” Cortex frontal” aho iyo nyifato ngo ica ibikwa maze kugira hasubiye kuba ikintu nk’ico nyene , inyishu izoce yama ibaye hafi.

Yamara rero ikizokubuza gushika ku masonga s’ico kinyamubiri kikwereka ivyo hanze. Ikizokubuza ni  igisanzwe gikorera muri wewe nyene. Uko kizokubuza rero n’uko giheza kikaza kirakwereka ibintu nk’ibiteye ubwoba kandi bitari bibuteye. Ibikoko twahora dutinya kera  cahavuye kivyimurira muri twebwe nyene. Nico kinyaragasa kikaza kikwereka ngo ” birya bimeze kuriya”. Ngo naka ameze uku” canke ngo burya wewe ibi ntavyo woshobora. Naho kitoba kikubesha muri vyose, ikibi n’uko gihava kikakwifatira maze kikakuboha

Kiraheza rero kigakorana n’uruhojojo rw’ibindi binyamubiri bikorera muri wewe maze ukazosanga , ku ruyeri ku rwenge, vyarakuzinganzinze usigaye umeze nk’uruboho. Ugera wokoze kino, bikitanganiza hariya, ngo “oya biragoye”. Ugize aho wohaguruka ngo ufate ijambo mu bantu bigaca bimera nk’ibigufashe mu kanigo, icuya kikaguca irya n’ino nk’uwufashwe n’intandara, maze ukazosanga abantu barabaye bagatinya shengero.

Nk’uko rero tubitohoza https://fr.wikipedia.org/wiki/Peur, abashakashatsi b’ahitwa ZURICH ngo barashoboye kubona ko horomone yitwa ” Ocytocine” ngo yoba ngo ifasha cane mu kugabanya uruhungabane ruhaba mu bwonko igihe cose hadutse ikimenyesha ko hari igitero. Iyo Ocytocine rero kandi niyo horomone ifasha abavyeyi bariko bibaruka kugira baronke ibise maze bikabafasha guheza bagashikana.

Twihweje ivyo abaciye urwevu mu gukoresha inkomezi ziri mu majambo y’Imana, na canecane ama zaburi, turaheza tukabona ko hari izaburi ifasha ngo abavyeyi kugira bashobore gushikana. Aho rero duca twumva ko bifitaniye isano n’uko ishobora kuba ifasha ko iyo hormone ” Ocytocine” yoheza ikaboneka mu bwonka hafatiwe ku majambo arimwo y’ukuremesha.

Mu kiringo rero uzoba wumva wariteguye, yamara bikakugora uko wumva woshitsa, aha ni nk’igihe ugiye gukora ikibazo canke no mubindi vyose wumva ugushikana ari vyo biguhanze, urazoheza uvuge iyo psaum 91 incuro nyinshi maze itebe ikunyengetere utangure kuyigendera gushika aho n’igihori cogutarukirako inyishu yokwama hafi ar’uko uri mu bwihisho bw’Uhoraho.

Subconscient niyamara kwakira amajambo y’iyo psaum, ikinyamubiri “bwoba” kizoca gikinjura kuko kizoba giseye nk’igisamburiweko akaduri.

UKO TWITA IBIDUHANZE NIKO KUDUHANZE KURUSHA UKO BIDUHANZE.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765