homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Kaba Diawara ati “Uburundi ni umugwi wo gutinya”.

Umusuzumyi w’inkino ku mboneshakure y’abafaransa CANAL+ Kaba Diawara ubwoba ni bwinshi ku mugwi w’intamba mu rugamba.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka wa 2019, i Alexandrie niho umumenyeshamakuru mugenzi wacu akorera ku nsamirizi Buja FM yahura n’umusuzumyi w’inkino ku mboneshakure y’abafaransa CANAL + ariwe Kaba Diawara akongera akaba ariwe Team Manager w’umugwi nserukira gihugu wa Guinea uri mw’itsinda rimwe n’intamba mu rugamba. Elvis yaramubajije ukuntu yoba azi umugwi w’Uburundi akaba yishuye y’uko Uburundi ari igihugu gitinyitse naho ribaye ubwa mbere bwitabira izo nkino za CAN ziriko zibera mu Misiri.

Kaba Diawara yagize ati :”Ndaryohewe cane gusubira mu gihugu ca Egypte uyu mwaka kuko mperukayo mu mwaka w’2006 igihe nari nkikina mu mugwi nserukiragihugu wa Guinea nabonye y’uko hahindutse kandi batwakiriye neza cane”.

Elvis Iradukunda akaba yaramubajije ukuntu azi Uumugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba akaba yagize ati “Umugwi wUburundi twarawize buke buke mu kuraba inkino zo kurondera itike za CAN bakinye zabahuje na Gabon hamwe na Mali; ni umugwi utinyitse ukina umupira mwiza naho ari ubwa mbere witabiriye inkino za CAN nkaba nzi neza y’uko mu mupira nta kintu kiba coroshe cane cane mu rukino rwa nyuma ruzoduhuza nabo”.

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba zizotana mu mitwe na Guinea mu rukino rwa nyuma ruzoba ku musi w’Imana mu ndwi iza igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871