BDUSAAlbinosDiasporahomepageJusticekirundiMédiasWorld News

BDUSA : Mu masaha make amatora aratangura

Umugwi ujejwe amatora agiye kuba hagati y’Abarundi baba muri Reta zunzubumwe za Amerika, ubicishije ku cegera c’umuyobozi wawo,  uributsa Abarundi bose baba muri Leta Zunzubumwe za Amerika bashoboye kwiyandikisha kugira ngo bazokwitabire ayo matora ko mu masaha amake ayo matora azakuba atanguye icese.

Uwo mugwi umenyesha ko neza na neza igihe c’isaha zitandatu zuzuye (12 am) ku masaha yo muri Phoenix muri Reta zunzubumwe za Amerika ariho ayo matora azakuba atanguye.

Yamara naho biri uko, uwo mugwi umenyesha kandi ko ababishoboye bafise uburenganzira bwo gutora ko bashobora kuba baratora nk’uko babimenyeshejwe baciye ku rubuga rw’Abarundi bose baba muri Reta zunzubumwe za Amerika BDUSA arirwo https://burundiusa.com

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760