homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Intamba mu rugamba zemerewe akaganuke gashimishije

Naho umugwi w’intamba mu rugamba waraye usezerewe na Guinée Conakry uyo mugwi wemerewe akaganuke gashimishije.

Mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 30 Ruheshi inyuma y’aho umugwi w’intamba mu rugamba utsindiwe n’umugwi wa Guinée Conakry ugaca usezererwa mu mahiganwa ya CAN ariko abera muri Egiputa, inyuma y’urwo rukino nyakwubaha Reveriyano Ndikuriyo asanzwe atwara inama nkenguzamateka hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yaciye yandika ku rubuga rwiwe Facebook amajambo yo gushimira abakinyi b’intamba hamwe n’ababafashe mu mugongo yaba abarundi canke abanyamahanga akaba yemereye abakinyi akaganuke kangana n’imiriyoni zitanu z’amarundi kuri umwumwe wese.

Akaba yagize ati : “Urugendo rw’intamba mu rugamba muri CAN rugarukiye ngaha. Turashimiye abakinyi badushikanye kuri iyi ntambwe. Turashimiye abo bose badufashe mu mugongo baba abarundi canke abanyamahanga. Tugiye kubandanya twitegura kugira mu 2021 tuzobe turi muri Cameroun, eka mbere no muri Qatar mu 2022. Abakinyi turabemereye ko naho batashitse muri 1/8 ème de finale tuzobaha akaganuke gashimishije ( 5.000.000 BIF).

Tugiye kubandanya gukora ibikorwa bizotuma umupira w’amaguru utera imbere (gushiraho imisezero ya kijambere, inkino z’urwaruka U15, U17,…)
Turabipfurije urugendo rwiza rwo gutahuka mu gihugu c’amavukiro.
IMANA IJE IMBERE ABARUNDI N’UBURUNDI”.

Ayo mahera akaza yiyongera kuzindi miriyoni zitanu abakinyi bari bahawe ngo baze basige mu miryango yabo igihe bafata urugendo baja kwitabiro inkino za CAN.

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba atagisivya ziza gushika ku kibuga c’indege caraye gihinduwe izina (Aéroport Ndadaye Melchior) kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Mukakaro 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871