homepagekirundikirundi_Sports

Etienne Ndayiragije yaraye atowe kumenyereza Taifa Stars

Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayirangije agiye kumenyereza vy’imfatakibanza umugwi nserukiragihugu wa Tanzania Taifa Stars.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 11 Mukakaro umwaka wa 2019 niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania (TFF) ryakoranije inama yo kwiheza ingene botora umumenyereza mushasha yofata ikibanza c’uwahora amenyereza umugwi nserukiragihugu Taifa Stars inyuma y’aho umunya Nigeria Emanule Emunike yirukaniwe yagirizwa kwitwara nabi mu nkino za CAN.

Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije asanzwe amenyereza Azam Fc niwe agiye kumusubirira vy’imfatakibanza .

Akaba yasavye y’uko ivyegera vyiwe vyoba nk’umumenyereza wa Coastal Union ariwe Djuma Mgunda hamwe na Suleiman Matola asanzwe ari icegera c’umumenyereza wa Police Fc yo muri Tanzania bivanye n’ingingo bafashe yo guteza imbere abamenyereza bo mu gihugu ca Tanzania .

Gushika n’ubu ntiharamenyekana ikiringo uyo mumenyereza agiye kumenyereza Taifa Stars mukurindira y’uko bazana uwundi mumenyereza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871