homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Neymar yavuye mu gacerere Ku bijanye n’amagara yiwe

Neymar aheruka kuvuga uburyo yiyumva inyuma y’igihe arwaye, ariko ntiyashima gucira hasi ku kibazo kijanye n’umurwi azokinira mu nkino zimirije.

Inyuma y’igihe cababa amezi 2 ari inyuma y’ikibuga kubera ijisho ry’ikirenge ryababaye, Neymar avuga ko ubu asa n’uwakize.

 

“Ubu ni nkaho namaze gukomera 100 kwi 100.”

 

Uwo mukinyi w’umunya Brazil yasubiriye kandi kuboneka atanguza ihiganwa ryateguwe na Fondation yiwe, iyo ikaba iherereye mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Neymar aho yagira Ico ashikirije, yirinze kugira vyinshi avuga, ariko yemeza ko ubu yamaze gukira neza, rero ngo igisigaye n’ugusubira mu myimenyerezo.

 

“Ubu meze neza, nsa nkaho namaze gukira 100 kwi 100. Ikintu nkeneye muri uno mwanya n’imyimenyerezo. ”

 

Ku kibazo c’ukumenya nimba azokinira uwuhe murwi mu mahiganwa azokurikira, uwo mukinyi wa PSG ntashima kugira na kimwe abivugako. Ibinyamakuru vyo muri amerika y’epfo vyo bikaba bivuga iyo nyishu ikiri iyo kurindira.

Ivyo bikaba biriko bishikirizwa inyuma y’igihe hari ibihuha vyinshi ku murwi azohava yemera gukinira mu nkino zizokurikira, kuko umurwi wa PSG uriko usaba amafaranga menshi Ku mirwi iriko iramwipfuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871