BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Chany Queen yavuze kubahoze ari abakunzi biwe, aba Ex

Chany Queen, R Flow na Lolilo
Lolilo, Chany Queen na R flow

R flow na Lolilo bari muri 5 bagendanye na Chany Queen, ariko umwe muribo babasha kuronka icamwa c’urukundo rwabo.

Uno musi Chany Queen nta muhungu agira mu buzima bwiwe, umukunzi, igituma ngo nuko atigeze agira amahirwe yo kugumana n’unuhungu. Ivyo n’ivyaheruka gushikiriza mu kiganiro yagiranye na mugenzi wacu Michou Miracle.

Sinigeze ngira amahirwe yo kugumana n’umuhungu, none naciye ndabiheba.

Muri ico kiyago yavuze ko afise abahungu bagendanye 5, muribo 2 bakaba barabashije kumuronkako abana, abo nabo ni Rodrique na Lolilo. Muri abo 5 tukaba twabashije kumenyamwo aba Star 2 aribo Lolilo na R Flow bose bakoranye mu muziki.

Chany Queen avuga ko yatanguye gukundana akiri muto cane, naho atatomoye neza imyaka iyariyo. Ico yabashije kujanisha yavuze ko yaronse umwana wa 1 afise imyaka 16 gusa, uwo  bakaba bamuvyaranye na Lolilo.

Uwo muririmvyikazi aharurwa muri bake bafise ijwi ryiza hano iwacu, akaba azwi ko yatanguye umuziki haraciye igihe kuko yanabonetse mu mashusho y’indirimbo zitari nke z’umukunzi wiwe, Lolilo.

Uwo muvyeyi kandi akaba ari umwe mu bigeze kuba bagize umurwi The Cousin, ariko ubu akaba ariko akora wenyene.

Mwomenya ko muri ico kiganiro yagiranye na Buja Hit TV, Chany Queen yanagarutse Ku gahembo aheruka guhabwa n’ishirahamwe Brarudi ribicishije mw’ihaganwa rya Primusic aho avuga ko kagize kinini kamufasha, naho atabashije kukivuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775