homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Lionel Messi nawe ahamagarirwa guhamvya Cristiano Ronaldo

Lionel Messi nawe ahamagarirwa n’abatari bake guhaguruka akerekeza mu gihugu ca Italie ngo aje gukinirayo nayo, nka Cristiano Ronaldo. 

Lionel messi abarizwa muri Barcelona kuva mu mwaka wa 2004, ahamagarirwa kwerekeza mu gihugu ca Italia ngo ahamvye mugenziwe Cristiano Ronaldo.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru 10sport abishikiriza, Lionel messi ngo yarakwiye kuva mu bwami amazemwo igihe, Barcelona, hama akerekeza mu yundi murwi kugira bikunde abone ico amaze, nkuko vyakozwe na Cristiano.

Uwundi yamuteye Akamo ko kuja muri Italia ni umuserukizi, Agent, wa Lautaro Martinez, ariko aronderwa na Barcelona ngo aze kwuzuza igihengeri giheri. Uwo akaba abwira Lionel ko nimba yipfuza gukinana n’uwo mukinyi yoja muri Inter de Milan kuko uwo wanyuma we ata mugambi wo kuvayo afise.

Icibazwa ni nimba uwo mukinyi yohava abikora, ubona ko ubuserukizi bwa Barcelona bufise umugambi wo kubandanya bumwongera amasezerano n’ayandi atarahera. Hakaba hari n’ibihuha ku mugambi wo kuzomuha amasezerano yo kutazova muri uwo murwi gushika ahagaritse gukina.

Ikindi mwomenya nuko Lionel Messi yabanje kwerekeza mu bizinga vya Antigua-et-Barbuda aho yarikumwe n’umuryango wiwe bagiye kuruhuka, imbere yuko asubira I Barcelona. Aho hari inyuma y’ukubura igikombe COPA America gihuza ibihugu vyo muri amerika y’epho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871