homepageDonard Trumpkirundipolitics

Ivyizwe mu nama nshikiranganji yo kuri uno wa gatatu

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 17 Mukakaro umwaka w’2019, umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yakoranije inama nshikiranganji mu ngoro yitiriwe umwami Ntare Rushatsi.

Urutonde rw’ivyizwe kuri uno musi rukaba rwari rugizwe n’ingingo umunnai hamwe n’utuntu n’utundi.

Mu vyizwe harimwo integeguro y’ibwirizwa riraba ibijanye no gushumbusha, integuro y’ibwirizwa rijanye no gushinga umurwi uhurikiyemwo abakozi b’ubushikiranganji butandukanye uzoba ujejwe gukurikirana ibikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi , integuro y’ibwirizwa nshikiranganji rijanye no gushiraho umurwi ujejwe ivyo gutanga akazi mu mashirahamwe mpuzamakungu ku bakozi b’abarundi, integuro y’ibwirizwa rijanye n’uburovyi hamwe no kwororera mu mazi, ivyo Reta y’Uburundi igiye kurangura muri uyu mwaka w’2019 ushira uw’2020, integuro y’itegeko risubiramwo igitabo c’amategeko y’ubwishingizi, integuro yemeza amasezerano y’ubuguranyi hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’ibanki y’abahindi Exim ijanye n’umugambi wo kwubaka ingoro y’amakoraniro i Gitega hamwe n’izindi nyubakwa z’ubushikiranganji butandukanye yatewekoumukono kuwa 2 Mukakaro uwu mwaka i New Delhi, hamwe n’utuntu n’utundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755