BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Uwikekwa gukora urudandazwa rw’abantu yaraye atawe muri yompi

Igipolisi c’Uburundi caraye gifashe umugabo yikekwa kuba yahora akora urudandazwa rw’abantu abavana mu Burundi abajana muri Qatar.

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 19 Kigarama niho bwana Haruna Nzisabira batazira Jaffari yatabwa muri yompi n’abajejwe umutekano ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura yagirizwa kuba yahora akora urudandazwa rw’abantu co kimwe na mushikiwe nawe yagirizwa kuba ariwe yahora amufasha muri ico caha na rirya ngo asanzwe akorera muri Agence yunguruza abantu ariyo “Rusca Travel Agency”.

Nk’uko bishikirizwa na Moïse Nkurunziza, icegerea c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, umurundi wese yipfuza kuja muri Qatar ngo yarihishwa n’abo bantu babiri amadorari y’abanyamerika ari hagati y’1200 n’1800 kuri viza y’amezi atatu kandi mu mategeko iyo viza ngo isanzwe igurwa amafaranga y’amadorari y’abanyamerika atarenga amajana ane. Hambavu y’ayo mahera ya Viza, yategerezwa kandi kwirihira itike y’indege ingana n’amadorari amajana atandatu.

Bwana Jaffari ngo yari yaraheza agasinyiranira amasezerano y’akazi n’amashirahamwe amwamwe yo muri ico gihugu uwo arondereye akazi agakora hahembwa bwana Jaffari gushika ubu abo yaboheye amaboko mu mugongo ngo bakaba bamwishuza amafaranga angana n’ibihumbi mirongo irindwi n’icenda n’amahera mirongo itanu vy’amadorari y’abanyamerika (79,050 US$).

Nkurunziza Moïse abandanya amenyesha ko ku bantu 93 bahuye n’urwo rudandazwa, 43 baramaze kwitwara mu gipolisi i Bujumbura nayo batanu muri bo baratahuka bafashijwe n’imiryango yabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764