Kidum avuga ko abarundi n’abanyacongo bo muri Kivu ya ruguru na Kivu y’amajepfo bagize umuryango umwe.
Kidum hampande y’abarundi, yatanguye gutumira n’abanya Congo ngo nabo bazitabire igiteramo buca akorera I Bujumbura arikumwe n’umurwi wiwe Bodaboda Band.
Mu butumire yatangiye Ku rubuga rwa Instagram, Kidum yakoresheje ururimi rw’iLingala, aho yabasaba ko batosiba muri ico giteramo kizoba igenekerezo rya 26/7. Igituma ngo nuko abarundi n’abanyecongo ari umuryango umwe, ikirushirije ngo muri ico giteramo hazoba hashushe cane, abantu ngo bazotamba bikomeye.
View this post on Instagram
Kidum akaba buca akorera I Giteramo I Bujumbura inyuma y’igihe atahakorera igiteramo, s’ico gusa kuko uwo murwi Bodaboda Band wasa n’uwibagiwe I Bujumbura.