homepagekirundikirundi_Sports

Eliminatoire CAN2021 : Uburundi mw’itsinda rimwe na Maroc

Imigwi isangiye itsinda n’Uburundi yaraye imenyekanye harimwo Maroc.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 18 Mukakaro umwaka wa 2019 niho ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF risanze rifise icicaro i Cairo ryaraye rishize ahabona uko imigwi nserukirabihugu izohura mu nkino zo gukurakuranamwo za Africa bita Eliminatoire CAN zo gutegura ihiganwa ry’igikombe ca Africa kizoba mu mwaka wa 2021 zizobera muri Cameroun.

Uburundi bukaba bwisanze mw’itsinda rimwe n’imigwi nserukirabihugu ya Maroc , Mauritanie , hamwe na Centre Afrique .

Benshi mu bakunzi b’intamba mu rugamba basa nk’abantu banezerewe kumvo z’uko babona y’uko iryo tsinda Uburundi burimwo risa nkiryoroshe ukuyemwo umugwi wa Maroc gusa iyindi migwi ngo kuribo babona isanzwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871